Indirimbo Zikundwa Open in the app

#322

Mwami wacu Yesu

Umuco 1

Couplet 1

Mwami wacu Yesu, Mana y ubushobozi, Ko mbon’ibihe na vyo birakuze, Abantu benshi bitwa ko basenga, Ibibi bikarushaho kuba vyinshi, Ukurek’Imana kukabandanya kugwira.

Refrain

N’Utuzigame Mwami wacu Yesu, Kuko abavuga: Mwami, Mwami, Badakora ibiguhimbara, Si bo bana bawe, Mwami Yesu.

Couplet 2

No mur’ iki gihe c’ukuza kwawe Mwami, Ibimenyetso n’ivyo twibonera, N’imbuto z’isi n’izo twibonera, N’udushoboze kugendera mw’Ijambo, Kukw’ari Jambo ry’Ubugingo budashira.

Refrain

N’Utuzigame Mwami wacu Yesu, Kuko abavuga: Mwami, Mwami, Badakora ibiguhimbara, Si bo bana bawe, Mwami Yesu.

Couplet 3

Kandi Mpwemu Yera ni W’arongora abawe, Ngo dushobore kugenda tunesha, Ukwizera kuzima n’ivyizigiro, Hamwe n’urukundo bizotuj’imbere, Kukw’ivyo bizotuzigama mu rugendo.

Refrain

N’Utuzigame Mwami wacu Yesu, Kuko abavuga: Mwami, Mwami, Badakora ibiguhimbara, Si bo bana bawe, Mwami Yesu.

Couplet 4

Mwami, tumenetse, tuzokor’ivy’ushaka, Ukugomba kwacu kuzopfa rwose, Tuzogendera mu biguhimbara, Kuko si twebwe tuzoba turiho, Ariko Wewe Mana uzob’uri muri twe.

Refrain

N’Utuzigame Mwami wacu Yesu, Kuko abavuga: Mwami, Mwami, Badakora ibiguhimbara, Si bo bana bawe, Mwami Yesu.