Indirimbo Zikundwa Open in the app

#321

Yesu yaduhaye isezerano

Umuco 1

Couplet 1

Yesu waduhaye isezerano, Ko ni twapfukama mw’Izina ryawe, N’aho twoba babiri canke batatu, Uzobana natwe abana bawe.

Refrain

Yesu duh’Umugisha tutarava hano, Yesu duh’umugish’ubu twigumanire.

Couplet 2

Wagumanye natwe mu bindi bihe, Ariko na n’ubu turakwipfuza, Ngwino Mukiza Mwiza turakwinginze, Twumvir’utwemere duhirwe nawe.

Refrain

Yesu duh’Umugisha tutarava hano, Yesu duh’umugish’ubu twigumanire.

Couplet 3

Wakir’indirimbo zigushemeza, Wumve n’ugusenga kw’abana bawe, Twongererez’ukwizera no kwizigira, Dukundane rwose dushire hamwe.

Refrain

Yesu duh’Umugisha tutarava hano, Yesu duh’umugish’ubu twigumanire.

Couplet 4

Mwami tuje mw’isezerano ryawe, Wahay’abagiye bakwizera, Ko ni twitondera Ijambo Rizima, Uzoturabira muri ryo Mwami.

Refrain

Yesu duh’Umugisha tutarava hano, Yesu duh’umugish’ubu twigumanire.