#312
Ndabon’umusi uhambaye
Umuco 1
Couplet 1
Ndabon’umusi uhambaye, Ndabon’umusi utey’ubwoba, {N’umusi mukuru cane, Abera bazokoranira, Imbere y’Uhorah’Imana.} x2
Refrain
N’umusi uhambaye cane, N’umusi utey’ubwoba, N’umusi w’Uhorah’ Imana, Mbega ncuti uzobarizwa he?
Couplet 2
Ndabon’umusi w’urubanza, Ndabon umusi w’umunezero, {Urubanza ku batizera, Umunezero ku bizeye, Bizey’Umwami Yesu Kristo.} x2
Refrain
N’umusi uhambaye cane, N’umusi utey’ubwoba, N’umusi w’Uhorah’ Imana, Mbega ncuti uzobarizwa he?
Couplet 3
Ndabon’ibimenyetso vyose, Mbona ca giti c’umusukoni, {Niryo hanga ry’Abisirayeli, Ryarasubiye mu gihugu, Igihugu c’isezerano.} x2
Refrain
N’umusi uhambaye cane, N’umusi utey’ubwoba, N’umusi w’Uhorah’ Imana, Mbega ncuti uzobarizwa he?
Couplet 4
Mbon’Umugeni yiteguye, Mbon’izamurwa na ryo ryegereje, {N’izamurwa ry’Ishengero, Rizob’imbere y’uwo musi, Umusi w’Uhorah’Imana.} x2
Refrain
N’umusi uhambaye cane, N’umusi utey’ubwoba, N’umusi w’Uhorah’ Imana, Mbega ncuti uzobarizwa he?
Couplet 5
Ndabon’ibihe birakuze, Ndabon’Umwami ari mukuza, {Bene Data nitwitegure, Mu kwumvir’Ijambo ry’Imana, Tuzoshobore kuzamurwa.} x2