Indirimbo Zikundwa Open in the app

#311

Umusi mukuru uraje

Umuco 1

Couplet 1

Umusi mukuru uhambay’uraje, Ah’abizey’Uhoraho vy’ukuri, Abasinziriye natw’abariho, Dutah’ubukwe bw’Umwagazi w’Intama.

Refrain

Uzob’ar’umusi rurangiranwa, Kand’utari bwigere kuboneka, Uzob’ar’umusi w’umunezero, Ku bogejwe n’amaraso ya Yesu.

Couplet 2

Ubwo Bukwe buzob’ igitangaza, Kukw’abizey’Imana kuva kera, Ari ho bazoba bakoraniye, Hamwe natw’abo mu gihe ca nyuma.

Refrain

Ivy’ubwenge butigeze bumenya, N’amaso yac’atigeze kubona, Bizogaragara kur’uwo musi. Mbega mugenzi wanj’uzob’uhari?

Couplet 3

Yesu mu gusezer’intumwa ziwe, Yaciy’azisigir’isezerano, Ati: ntabwo nzobasiga nk’impfuvyi, Nzoca mbarungikira Mpwemu Yera.

Refrain

None Mpwemu Yera twaramuhawe, Nk’uko Yesu yari yasezeranye, Uwo ni We yam’arasemerera, Avug’ati: «Wa Musi nguy’uraje».

Couplet 4

Yesu yarongey’arababwira ati: “Kwa Data har’amazu menshi cane, Iy’atabayo mba ndabibabwiye, Ngiye kubategurir’aho muba”.

Refrain

Mpejeje kubategurir’amazu, Ni ho nzoca ngaruka kubajana, Mur’ubwo bwami bwa Data mw’Ijuru, Kugira ngw’aho mb’ab’ari ho muba”.

Couplet 5

Enoki yagendanye n’Uhoraho, Mu kubaho kwiwe kwo mur’iyi si, Imana ntiyashimye kw abon’urupfu, Ic’imuzamur’akiri muzima.

Refrain

Ni ko benshi mu bizer’Uhoraho, Mur’iki gihe c’i Lawodikiya, Bazozamurwa batabony’urupfu, Kuk’uwo mus’uregereje cane.