Indirimbo Zikundwa Open in the app

#291

Hirya y’uruzi

Umuco 1

Couplet 1

Hirya y’uruzi hariy’ Igihugu, Igihugu gitemba amata n’ubuki, Ni yo ndaba ni yo ndiko ndaja, Iyagisezeranye ni yo yakimpishuriye.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, Nubwo ngendera mu miniho, Kukw’ivyiza biri mu Gihugu, Ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 2

Ni nashika’mur’ico gihugu, Nzohanagurwa amarira yose, N’Umwami myen’ico gihugu, Kand’azonyambika n’igitsibo.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, Nubwo ngendera mu miniho, Kukw’ivyiza biri mu Gihugu, Ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 3

N’igihugu cabikiwe abahizi, Abazonesha urugamba rukomeye, Giteguriw’Abera b’Imana, Bavyawe n’Ijambo na Mpwemu Yera.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, Nubwo ngendera mu miniho, Kukw’ivyiza biri mu Gihugu, Ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 4

Mwene Data waragihishuriwe, Ntutinye gushingira intahe Umwami, Kuko kw’iherezo ry’urugendo, Uzokibona, niwihangane!