#290
Uru rugendo ndimwo
Umuco 1
Couplet 1
Uru rugendo ndimwo, Mpura n’ingorane, Uru rugendo ndimwo, Mpura n’intambara, {Ariko ico nzi n’uko, Yesu yanesheje.} x2
Refrain
Ni co gituma ntatinya, Ntewe na Satani, Iyo andas’imyampi, Sinterwa n’ubwoba, {Kuko nzi k’Uhoraho, Azongwanirira.} x2
Couplet 2
Uru rugendo ndimwo Sinihamagaye, Uru rugendo ndimwo, Narahamagawe, {Umwami wanje Yesu, Ni We yampamagaye.} x2
Refrain
Ni co gituma ntatinya, Ntewe na Satani, Iyo andas’imyampi, Sinterwa n’ubwoba, {Kuko nzi k’Uhoraho, Azongwanirira.} x2
Couplet 3
Naho ibigeragezo, Vyoba vyinshi cane, Umutima wanje, Ntuzonyiganyiga, {Kuko Uwanesheje, Ari imbere yanje.} x2
Refrain
Ko nageze mu kiganza, C’Umwami wanje Yesu, Nta na kimwe gishobara, Kuzohankura, {Nazirits’umutima, Wanj’ahera cane.} x2
Couplet 4
Umus’umw’ Urugendo Nzoruheraheza, Nzoruhuk’ imiruho, Yo mur’iyi si mbi, {Nzobonana na Yesu, Amaso mu yandi.} x2
Refrain
Sinzoba ngisubira, Kurira ukundi, Ingorane z’aha mw’isi, Zizokwibagirwa, {Nzibanira na Yesu, Tutagitandukana.} x2