#274
Umwami yarankunze
Umuco 1
Couplet 1
Umwami Yarankunze kuva kera, Anyigura ku Musaraba, None ubu ndi mu bahiriwe, Nihashimwe Izina ryiwe.
Refrain
{Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, Hamwe n’ivyo Yankoreye vyose, Ubwo mperako ndirimba: N’ushimwe Gologota!} x2
Couplet 2
Yarampaye amahoro n’urukundo, Anyobora mu nzira hose, Azondengukana mw’Ijuru iwe, N’ushimirwe Gologota!
Refrain
{Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, Hamwe n’ivyo Yankoreye vyose, Ubwo mperako ndirimba: N’ushimwe Gologota!} x2
Couplet 3
Mbega umunezero mwinshi yampaye, Yampaye abavandimwe benshi, None ubu ndiko ndamuhimbaza, N’ushimirwe Gologota!
Refrain
{Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, Hamwe n’ivyo Yankoreye vyose, Ubwo mperako ndirimba: N’ushimwe Gologota!} x2
Couplet 4
Mbega n’iki conkura kuri Yesu? Ko yanyiguze jewe ntamuzi, Mbere n’iyo noca mu rupfu, Nzoshimira Gologota!
Refrain
{Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, Hamwe n’ivyo Yankoreye vyose, Ubwo mperako ndirimba: N’ushimwe Gologota!} x2
Couplet 5
N’umunezero mwinshi utavugwa, Kugerera muri Kristo Yesu, N’umutakambire ubu agukize, Akujane i Gologota!
Refrain
{Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, Hamwe n’ivyo Yankoreye vyose, Ubwo mperako ndirimba: N’ushimwe Gologota!} x2
Couplet 6
Yampinduye icaremwe gisha ciza, Igihe yankura mu buja, None ubu ndiko ndamuririmba, N’ashimirwe Gologota!