Indirimbo Zikundwa Open in the app

#273

N’igihe ki ga mwene data? (1)

Umuco 1

Couplet 1

N’igihe ki ga mwene Data? N’umusi wuhe turimwo? Iyo ubonye umwiza w’iki gihe, Bikwerek’iki ga mugenzi? Ivyo vyose vyerekana, Igihe ico ari co.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami, Yesu Kristo ni Wewe Rutare rwacu, Turanezerewe kw’ari We Buhungiro, Bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 2

Duhe Mwami kuguhang’amaso, Shimwa Mwami ko watwiyeretse, Umwiza kw’ari mwinshi cane, Umuco ukomeze kumurika, Ni Wewe Buhungiro bwacu, Buhungiro bwacu, haleluya!

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami, Yesu Kristo ni Wewe Rutare rwacu, Turanezerewe kw’ari We Buhungiro, Bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 3

Abagororotsi b’iki gihe, Bariruka baguhungiramwo, Urugamba rurakomeye, N’igihe c’urugamba rwa nyuma, Arik’umusi w’intsinzi uraje, Umusi w’intsinzi uregereje.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami, Yesu Kristo ni Wewe Rutare rwacu, Turanezerewe kw’ari We Buhungiro, Bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 4

Raba n’igihe c’iherezo ncuti, Ku bizera Yesu n’igihe ciza, N’igihe kibi ku batamwizera, N’igihe gikomeye cane, Kuv’ijuru n’isi biremwa, Izamurwa ry’Umugeni riraje.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami, Yesu Kristo ni Wewe Rutare rwacu, Turanezerewe kw’ari We Buhungiro, Bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 5

Igihe kiraheze mwene Data, Biranditswe mw’Ijuru ku Mana, Biranditswe hose no kw’isi, Biboneka vyumvikana hose, Yukw’igihe c’iherezo, Ar’igihe c’iherezo.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami, Yesu Kristo ni Wewe Rutare rwacu, Turanezerewe kw’ari We Buhungiro, Bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 6

Mana umuco wawe utumurikire, Dukomeze kugwana tunesha, Mu buruhe turab’igihe, Kuk’urugamba rugiye gushira, Umusi w’intsinzi uraje, Intsinzi iraje, haleluya!