Indirimbo Zikundwa Open in the app

#269

Uhoraho Mana turagushimiye

Umuco 1

Couplet 1

Uhoraho Mana turagushimiye, Ku bw’igikorwa cawe, ku bw’imigambi yawe, Uhoraho Mana, turagushimiye, Ku bw’Ijambo ryawe: manu yanyegejwe.

Refrain

Uhoraho ur’Imana... Imana yihisha, Uwo utihishuriye ntashobora kukumenya, Uwo wihishuriye, Asanga uko wari ejo, Ariko uri uyu musi, Kandi ariko uzokwama, Ibihe bidashira.

Couplet 2

Turagushimiye ko watwihishuriye, Ukaturongoza inkingi y’umuriro, Ukaduha manu nsha y’igihe cacu, Ni ryo Jambo ryawe: jambo rihishuwe.

Refrain

Uhoraho ur’Imana... Imana yihisha, Uwo utihishuriye ntashobora kukumenya, Uwo wihishuriye, Asanga uko wari ejo, Ariko uri uyu musi, Kandi ariko uzokwama, Ibihe bidashira.

Couplet 3

Wakuye Isirayeli muri Egiputa, Ni Wewe warirongoye mu bugaragwa, Kandi ni Wewe warishikanye i Kanani, Kuko Wewe Ur’Imana y’ubushobozi.

Refrain

Uhoraho ur’Imana... Imana yihisha, Uwo utihishuriye ntashobora kukumenya, Uwo wihishuriye, Asanga uko wari ejo, Ariko uri uyu musi, Kandi ariko uzokwama, Ibihe bidashira.

Couplet 4

Ku murango wabarongoza igicu, Mw’ijoro ukabarongoza inkingi y’umuriro, Bashonje wabagaburira manu nsha, Kuko Wewe uri Imana: Imana y’urukundo.

Refrain

Uhoraho ur’Imana... Imana yihisha, Uwo utihishuriye ntashobora kukumenya, Uwo wihishuriye, Asanga uko wari ejo, Ariko uri uyu musi, Kandi ariko uzokwama, Ibihe bidashira.

Couplet 5

Nkuko washikanye Isirayeli i Kanani, Natwe tur’ingenzi tugiye i Siyoni, Twizeye k’uzodushikana imuhira, Kuko Wewe ur’Imana idahindagurika.