Indirimbo Zikundwa Open in the app

#245

Ijambo ry’imana ntiryihenda

Umuco 1

Couplet 1

Ijambo ry’Imana ntiryihenda, Ijambo ry’Imana ntiribesha, Ivyo rivuze birashika, N’iyo bitevye birashika.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2

Couplet 2

Vyinshi mu vyahanuwe vyarashitse, Ibindi biriko birashika, N’ibitarashika bigiye gushika, Rindira gato uzobibona.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2

Couplet 3

Benshi mu bahanuzi b’Imana, Beretswe ivy’iki gihe turimwo, Bituma bacipfuza cane, Kukw’ari igihe c’ubuhanuzi.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2

Couplet 4

Ijambo ry’ubuhanuzi rivuga, Yuko umumarayika w’indwi, Ni yavuza inzamba, niho ibanga, Ry’Imana rizoba riherahejwe.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2

Couplet 5

Ijwi ry’umumarayika w’indwi, Ryaramaze gusemerera, Ivyanyegejwe abanyabwenge, Vyose vyahishuriwe inzoya.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2

Couplet 6

Ijambo ry’ubuhanuzi rishitse, Vyerekana ko igihe gishitse, None ncuti nitwitegure, Kuragwa ivyasezeranywe.

Refrain

{Turi mu bihe vy’ubuhanuzi, Ah’ubuhanuzi bwahanuwe, Bugaragarir’ imbere yacu.} x2