Indirimbo Zikundwa Open in the app

#237

Igihe ni cashika

Umuco 1

Couplet 1

Igihe ni cashika, Turangij’urugendo, Tuzoca tuzamurwa, Dusanganir’Umwami mu bicu

Refrain

Bene Data basinziriye, Bazoca bazuka, Natw’abazoba bakiriho, Tuzohindurwa mu kanya gato, {Twambikw’ Umubiri musha, Dusanganir’Umwami mu bicu.} x2

Couplet 2

Ico gihe ndakiraba, Nkabona cegereje, Kuko ibimenyetso, Vyinshi vyamaze guseruka.

Refrain

Bene Data basinziriye, Bazoca bazuka, Natw’abazoba bakiriho, Tuzohindurwa mu kanya gato, {Twambikw’ Umubiri musha, Dusanganir’Umwami mu bicu.} x2

Couplet 3

Ico gihe ni cashika, Intambara n’amarira, Ingwara hamwe n’urupfu, Vyose bizoba birangiye.

Refrain

Bene Data basinziriye, Bazoca bazuka, Natw’abazoba bakiriho, Tuzohindurwa mu kanya gato, {Twambikw’ Umubiri musha, Dusanganir’Umwami mu bicu.} x2

Couplet 4

Ni twashika mw’Ijuru, Tuzobonana na Yesu, Amaso mu yandi, Tuzosa nawe dutash’ubukwe.

Refrain

Tuzosangira na Yesu, Ku meza yiwe mw’Ijuru, Amosozi yo mur’iyi si, Azoyaduhanagura, {Umwami wacu Yesu, Azotubera nk’izuba ryaka.} x2

Couplet 5

Abazotah’ubwo bukwe, Mbega bobo ni ba nde? N’ab’Imana yamenye, Isi n’ijuru bitarabaho.

Refrain

Eh’Umwami Yes’araje, Aje gutwar’Ishengero, Hahiriw’abari maso, Bamesuy’imvune zabo, {Abo ni bo Mugeni, W’Umwagazi w’Intama w’Imana.} x2