Indirimbo Zikundwa Open in the app

#236

Uhoraho Mwami ndagusavye

Umuco 1

Couplet 1

Uhoraho Mwami ndagusavye, Umfat’ukuboko mu Rugendo, Kukw’ico wampamagariye, Atar’ukuzoguma mur’iyi si.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 2

Ijambo ryawe riravuga, Yuko harih’ibikorwa vyiza, Abera bawe bazokora, Bamaze guhamagarwa.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 3

Rab’ivyo wasezeranye, Vyinshi n’ivyamaze gushika, Ibindi na vyo mur’iki gihe, Bishik’imbere y’amaso yanje.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 4

Mu bihe vyose vyabayeho, Iki n’igihe gitangaje, Ivy’abahanuzi batabonye, Vyose bishika muri’iki gihe.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 5

Nitegerej’ibishika vyose, Mbona k’uri hafi kugaruka, Ni co gituma ndagusaba, Ng’unshoboze kuguhimbara.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 6

Ni wabona ntagishobora, Kwer’imbuto ziguhimbara, Uz’ukubit’umutima wanje, Unsubize ku musaraba.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 7

Ni wabona yukw’Ijambo ryawe, Ryahinduts’ubumenyi muri je, Uz’ukubit’umutima wanje, Unsubiz’uguhishurirwa.

Refrain

Ungirir’Ubuntu Mwami Yesu, {Kugira ngo nonosore, Ico ntegerezwa gukora.} x2

Couplet 8

Hezagir’Ishengero ryawe, Iryo Waguz’Amaraso, Uduhe kwubaka ku Rutare, Nk’uko wagiriye Petero.