#234
Ewe bihe vyiza!
Umuco 1
Couplet 1
Ewe bihe Vyiz’Imana, Yateguriy’abayo, Kugira ngo bagende bamurikirwa n’umuco, Ari ryo Jambo ryahishuwe, Ryo mur’iki gihe, Ubura bw’Imana bugenda buronka, {Kukw’ ar’Ukuri kuzotuma, Basanganir’ Umwami.} x2
Refrain
Umusi mukuru uhambaye uraje, Inkumi z’ibijuju zo zizorira cane, Nay’inkunmi z’ubwenge zizoririmba kuko, Zigiye gasanganir’Umwami mu bicu, Uko niko kuzuka kwambere, Mwene Data ambara nawe, Ukuri kuzima uzoshobore, Kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 2
Iki gihe turimwo, Benshi baracipfuje, Abahanuzi bagahanura bashim’Imana, Abahizi bigatuma, Bashikama mu kwizera, Abera nabo barakibona bakagihahamira, {Kuko ar’igihe c’ubuntu n’agakiza.} x2
Refrain
Umusi mukuru uhambaye uraje, Inkumi z’ibijuju zo zizorira cane, Nay’inkunmi z’ubwenge zizoririmba kuko, Zigiye gasanganir’Umwami mu bicu, Uko niko kuzuka kwambere, Mwene Data ambara nawe, Ukuri kuzima uzoshobore, Kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 3
Ewe Hanga ry’Imana, Iman’isumba vyose, k’Umwami yakuvukiye, Mbega war’ubizi? Akabambwa ku musaraba, Mbega warabimenye? Non’ubu naho har’igikorwa arikw’arakora, {Ni waba ukibona, ncuti n’ushim’Imana.} x2
Refrain
Umusi mukuru uhambaye uraje, Inkumi z’ibijuju zo zizorira cane, Nay’inkunmi z’ubwenge zizoririmba kuko, Zigiye gasanganir’Umwami mu bicu, Uko niko kuzuka kwambere, Mwene Data ambara nawe, Ukuri kuzima uzoshobore, Kuzoba mur’uko kuzuka.
Couplet 4
Mbona rero imisi, Igenda yihuta cane, Abera bagenda bambikwa impuzu y’Ubukwe, Kandi bakagenda badomwako ikimenyetso, Ari co ca Mpwemu Yera... Mpwemu Yera w’Imana, {Kukw’ata gihe gisigaye, Umwami Yes’akaza.} x2