Indirimbo Zikundwa Open in the app

#233

Turi mu gihe ca nyuma c’ubuntu

Umuco 1

Couplet 1

Turi mu gihe ca nyuma c’ubuntu, Kuko ubutumwa bwiza twumva vy’ukuri, S’ubwo kutugira irindi shengero, Canke ngo butuzane ko izindi nyigisho, {Ariko n’ubutugarura, Kw’Ijambo ry’Uhoraho (Imana).} x2

Refrain

Nico gituma yasezeranye ati: “Ehe ngiye gukora Igikorwa kitar’ic’umubiri, N’aho bazokibasigurira ntibazogitahura, Kiretse abafise amaso n’amatwi, Bashobora kubona no gutahura ivy’Imana”, {Yari yaravugiye, Mu kanwa k’abahanuzi (bayo).} x2

Couplet 2

Isezerano Umwami yasezeranye, Nta gihe gisigaye ngo riseruke, Kuko wa mugore mbona akuriwe, Wa mwana w’umuhungu ari hafi kuvuka, {Kandi ni yavuka azoca, Azamurwa mw’Ijuru.} x2

Refrain

Nico gituma yasezeranye ati: “Ehe ngiye gukora Igikorwa kitar’ic’umubiri, N’aho bazokibasigurira ntibazogitahura, Kiretse abafise amaso n’amatwi, Bashobora kubona no gutahura ivy’Imana”, {Yari yaravugiye, Mu kanwa k’abahanuzi (bayo).} x2

Couplet 3

Ntitukiri muri vya bihe vya kera, Ariko turi mu gihe c’Imana Ihoraho, Ijwi riranguruye riri mu gusemerera, Akamo n’inzamba y’Imana bigiye kuvuga, {Kuko Umwami wacu, (Yesu) Agiye Kugaruka.} x2

Refrain

Nico gituma yasezeranye ati: “Ehe ngiye gukora Igikorwa kitar’ic’umubiri, N’aho bazokibasigurira ntibazogitahura, Kiretse abafise amaso n’amatwi, Bashobora kubona no gutahura ivy’Imana”, {Yari yaravugiye, Mu kanwa k’abahanuzi (bayo).} x2

Couplet 4

Mbega ncuti nawe uzoba urimwo, Kuko abadafise Mpwemu w’Imana, Batazoshobora na gato kuzamurwa, Iki n’igihe ciza co kwitunganya, {Kugira ngo uzoshobore, Gusanganira Umukiza.} x2