Indirimbo Zikundwa Open in the app

#231

Uhereye kera hose

Umuco 1

Couplet 1

Uhereye kera hose Imana yari ifise imigabo, Imana isezeranira Aburahamu sogokuru, imubwira ko uruvyaro rwiwe ruzogwira, {Ku bw’ukwizera Ijambo ry’Imana vy’ukuri, Yarashoboye kuvyara naho yar’akaheze.} x2

Refrain

Bene Data, igihe kirakuze cane, Kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, Ibindi navyo birihuta guseruka, Tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana, {Tugendere mu kwizera kuvuye, Mu guhishurirwa, eh’Umwami araje.} x2

Couplet 2

Mu gihe c’umusavyi w’Imana nawe yitwa, Dawidi, Uhoraho yongera gutanga isezerano yuko, ku gishitsi ciwe hazoturuka Umukiza, {Umukiza w’Abisirayeli n’abanyamahanga, Ni We Yesu Kristo Umwami wacu.} x2

Refrain

Bene Data, igihe kirakuze cane, Kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, Ibindi navyo birihuta guseruka, Tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana, {Tugendere mu kwizera kuvuye, Mu guhishurirwa, eh’Umwami araje.} x2

Couplet 3

Abanyamahanga twese twari injabuka ku, masezerano, Nta Mana Nzima twari dufise vy’ukuri, kiretse imana zitavuga kandi ntizishure, {Ku bwa Yesu Kristo tumadikwa ku gishitsi, N’ubuntu bw’Imana burenze urugero.} x2

Refrain

Bene Data, igihe kirakuze cane, Kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, Ibindi navyo birihuta guseruka, Tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana, {Tugendere mu kwizera kuvuye, Mu guhishurirwa, eh’Umwami araje.} x2

Couplet 4

Ariko ubu none turi abaraganwa na, Yesu Kristo, Turi abo mu nzu y’Imana Ihoraho, n’uko rero twiyubare uko tugenda, {Ni twihangana tukagumya ukwizera, (kuzima), Tuzomubona mw’Ijuru amaso mu yandi.} x2