#230
Nkunda kwibaza cane
Umuco 1
Couplet 1
Nkundâ kwibaza cane imisi yose, Ku kintu nama mbona kandi kitoroshe, Simfise n’ukuntu nogisigura neza, N’urukund’Umwam’Imana yakunz’abiwe, {Aho ni ho har’agakiza k’Imana.} x2
Refrain
None ngire nte jewe ko nd’umuntu? Arikw Imana Yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo Mwami wanje, Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe, {Nshobore kugendera mu, kugomba kwawe.} x2
Couplet 2
Ico gikorwa nticoroshe bagenzi, Kuko catanguye kuva kera cane, Iman’ikirem’isi n’ijuru n’ibindi vyose, Arik’umunt’ikamurema mw’ishusho yayo, {Iyo yar’imigabo yayo yo kutwihishurira.} x2
Refrain
None ngire nte jewe ko nd’umuntu? Arikw Imana Yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo Mwami wanje, Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe, {Nshobore kugendera mu, kugomba kwawe.} x2
Couplet 3
Imigambi y’Imana yarakomej’iseruka, Igihe Adamu yacumuye k’Uhoraho, Ubuntu n’agakiza k’Iman’itanga biraseruka, Mw’Izina rya Yesu Kristo duhabwa, gucungurwa, {Izo n’imbabazi zayo zo kuturokora.} x2
Refrain
None ngire nte jewe ko nd’umuntu? Arikw Imana Yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo Mwami wanje, Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe, {Nshobore kugendera mu, kugomba kwawe.} x2
Couplet 4
Ubu naho sinzi ukuntu nobivuga, Kuk’Umwami wanje mbona ari Muzima, Mw’Ihanga ryayo jewe ngenda mbona, Uko bukeye ubwiza bw’Imana bwiyongera, {Iyo n’intsinzi y’umusaraba wa Yesu Kristo.} x2