#223
Ni kuki ishengero rica mw’isi?
Umuco 1
Couplet 1
Ni kuki Ishengero rica mw’isi, Mu mahanga menshi kandi rikahateba? {Ni kuki intambwe ziba nyinshi, Benshi bakânanirwa?} x2
Refrain
N’uko ntawuzoshika, atagwanye Urugamba, N’uko ntawuzoshika, ataneshej’ Urugamba.
Couplet 2
Ni kuk’Isirayeli yidodomba, Ivyo kurya n’amazi bibuze, {Ntibizeye Imana namba, Bagenza Mose gusa.} x2
Refrain
N’uko ntawuzoshika, atagwanye Urugamba, N’uko ntawuzoshika, ataneshej’ Urugamba.
Couplet 3
Vyose vyari mu Mana Nzima, Babirondera nabi kuko batizera, {Iman’ikabibaha kand’ikabahana, Kuko batabona.} x2
Refrain
N’uko ntawuzoshika, atagwanye Urugamba, N’uko ntawuzoshika, ataneshej’ Urugamba.
Couplet 4
Natwe ntitwidoge turizwa n’ivyokurya, Canke n’ivyo tutumva kuko bikomeye, {Turindire ni twameneka tuzovyumva, Dushikiriy’ukwezwa.} x2
Refrain
N’uko ntawuzoshika, atagwanye Urugamba, N’uko ntawuzoshika, ataneshej’ Urugamba.
Couplet 5
Iyo ni yo nzira Ishengero ricamwo, N’inzir’itumvikana mu bwenge, {Igoye gutahura mugab’ishikana, Mw’Ijuru ku Mana.} x2
Refrain
N’uko ntawuzoshika, atagwanye Urugamba, N’uko ntawuzoshika, ataneshej’ Urugamba.
Couplet 6
Ni twuzura Mpwemu Yera, Tuzogendana n’Imana yacu, {Tuzovyumva vyos’uko biri, Ntituzotsitara namba.} x2