Indirimbo Zikundwa Open in the app

#204

Benshi birukira kwinjira

Umuco 1

Couplet 1

Benshi birukira kwinjira, Mu mashengerb yubatswe, N’amaboko y’abana b’abantu, Bakishimira ibiboneka, {Bikabanezereza, bakavyishimira.} x2

Refrain

Injira vuba, injira (vuba), Mu Rusengero rw’Imana (Yera), Ruri ahera... ahera ha cane, Ahatabonwa n’ab’inyama (n’amaraso), Ni ku bw’Ubuntu, ô ni ku bw’Ubuntu, Injira, injira ni ku bw’Ubuntu.

Couplet 2

Benshi birukira gusengera, Mu mashengero yubatswe, N’amaboko y’abana b’abantu, Ariko ntibamenye yuko, {Abaseng’Imana bose, bayisengera, muri Mpwemu.} x2

Refrain

Injira vuba, injira (vuba), Mu Rusengero rw’Imana (Yera), Ruri ahera... ahera ha cane, Ahatabonwa n’ab’inyama (n’amaraso), Ni ku bw’Ubuntu, ô ni ku bw’Ubuntu, Injira, injira ni ku bw’Ubuntu.

Couplet 3

Umwami wacu Yesu yavuz’ati: “Ishengero ryanje ryubatse, Ku guhishurirwa na Mpwemu”, None natwe twese twubake, {Kur’urwo Rutare, ku guhishurirwa.} x2