#199
Turi mu ntambara y’iherezo
Umuco 1
Couplet 1
Turi mu ntambara y’iherezo, Turi ku rugamba rukomeye, Mbega ni nde azonneshereza? N’Umwami Yesu yanesheje, {Yatsind’urupfu ku musaraba.} x2
Refrain
Ehe nguyo azananye n’ibicu, Kand’ijisho ryose rizomubona, Harahiriwe Uwunesha, Azorya ku Giti c’Ubugingo, Ntazobon’ Urupfu rwa kabiri, Azicarana n’Umwami Yesu, {Mur’ubwo Bwami buhoraho.} x2
Couplet 2
Turi ku rugamba rukomeye, Tugwana n’inkomezi z’umwiza, S’intambara y’inyama n’amaraso, N’abakuru baganz’ikirere, {Harahiriwe uwunesha.} x2
Refrain
Ehe nguyo azananye n’ibicu, Kand’ijisho ryose rizomubona, Harahiriwe Uwunesha, Azorya ku Giti c’Ubugingo, Ntazobon’ Urupfu rwa kabiri, Azicarana n’Umwami Yesu, {Mur’ubwo Bwami buhoraho.} x2
Couplet 3
Satani n’abamukorera bose, Bashiz’intambamyi mu nzira, Urugamba rurakomeye cane, Harahiriwe uwunesha, {Ngw’azinjire mu buruhukiro.} x2
Refrain
Ehe nguyo azananye n’ibicu, Kand’ijisho ryose rizomubona, Harahiriwe Uwunesha, Azorya ku Giti c’Ubugingo, Ntazobon’ Urupfu rwa kabiri, Azicarana n’Umwami Yesu, {Mur’ubwo Bwami buhoraho.} x2
Couplet 4
Mu nzira yose har’intambamyi, Satani yanteze imitego, Ivyo vyose bigwany’ubugingo, Ngo simbon’ubwiza bw’Uhoraho, {Unneshereze Mukiza wanje.} x2
Refrain
Ehe nguyo azananye n’ibicu, Kand’ijisho ryose rizomubona, Harahiriwe Uwunesha, Azorya ku Giti c’Ubugingo, Ntazobon’ Urupfu rwa kabiri, Azicarana n’Umwami Yesu, {Mur’ubwo Bwami buhoraho.} x2
Couplet 5
Umpe kugwan’intambara nziza, Ni mpfa mpfire muri Wewe Yesu, Umbumbatish’amaboko yawe, Wam’unyigisha kugororoka, {Ngo nze ndaganwe n’Abera bose.} x2