Indirimbo Zikundwa Open in the app

#198

Hari imburi y’uhoraho

Umuco 1

Couplet 1

Hari imburi... imburi y’Uhoraho, Kandi yama iza ngo twiyubare, Kukw inyuma, inyuma y’imburi, {Hama gucirwah’iteka ku bantu, batumviy’imburi.} x2

Refrain

Ntac’Imana ikora itaburiy’abana bayo, Ntac’Imana ikora itabwiy’abasavyi bayo, Ariko Imana ishimwe cane, Kuk’urufatiro rw’Imana Nzima, Rwanditsweko ikimenyetso, Ng’Uharah’araz’abiwe, {Kandi ng’uwuvug’Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye.} x2

Couplet 2

Yaburiye Abisirayeli, Ati: “musig’amaraso y’intama, Musige ku miryango yanyu mwese, {Kuko ngiye guhonya no gutikiza, abana b’imfura b’Egiputa”.} x2

Refrain

Ntac’Imana ikora itaburiy’abana bayo, Ntac’Imana ikora itabwiy’abasavyi bayo, Ariko Imana ishimwe cane, Kuk’urufatiro rw’Imana Nzima, Rwanditsweko ikimenyetso, Ng’Uharah’araz’abiwe, {Kandi ng’uwuvug’Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye.} x2

Couplet 3

No mu gihe igihe ca Nowa, Yaburiye umusavyi wiwe Nowa, Yukw’agiye kurimbura ababi, {Ababi banduje iyi si bose, kukw ivyaha vyarenz’urugero.} x2

Refrain

Ntac’Imana ikora itaburiy’abana bayo, Ntac’Imana ikora itabwiy’abasavyi bayo, Ariko Imana ishimwe cane, Kuk’urufatiro rw’Imana Nzima, Rwanditsweko ikimenyetso, Ng’Uharah’araz’abiwe, {Kandi ng’uwuvug’Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye.} x2

Couplet 4

N’ub’ivyaha vyaha vyabaye vyinshi, Ibintu vyose vyarononekaye, Abantu bose buzuy’ubugunge, {Bakorey’ibitey’isoni ahabona, Mwami dufashe tukuyoboke.} x2

Refrain

Ntac’Imana ikora itaburiy’abana bayo, Ntac’Imana ikora itabwiy’abasavyi bayo, Ariko Imana ishimwe cane, Kuk’urufatiro rw’Imana Nzima, Rwanditsweko ikimenyetso, Ng’Uharah’araz’abiwe, {Kandi ng’uwuvug’Izina ryiwe, yitandukanye n’ivyanduye.} x2

Couplet 5

Mana Nzima wuzuy’ubuntu, Wandik’imburi yawe mu mitima, Uyandikish’ubushobozi bwawe, {Kugira ngo dushobore kuyoboka, kuk’ugiye kurimbur’iyi si.} x2