#195
Igihe kigeze kure
Umuco 1
Couplet 1
Igihe kigeze kure, Ububi bugeze kure, {Ibimenyetso vy’ijoro, Vyamaze gushika vyose.} x2
Refrain
Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’iyi si, Ndazi kw’igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, Ndaj’umpishe muri Wewe, Kuko igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe.
Couplet 2
Yesu yabwiy’Ishengero, At’ivyo bimaze kuba, {Murangamize hejuru, Agakiza kari hafi.} x2
Refrain
Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’iyi si, Ndazi kw’igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, Ndaj’umpishe muri Wewe, Kuko igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe.
Couplet 3
Shengero nitwikangure, Duseng’amanwa n’ijoro, {Igihe kigeze kure, Dutegerez Umukiza.} x2
Refrain
Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’iyi si, Ndazi kw’igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, Ndaj’umpishe muri Wewe, Kuko igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe.
Couplet 4
Yesu yabwiye Yohana, Ngw ehe ehe ndaje vuba, {Kugerera umwe wese, Ibihuje n’ivy’akora.} x2
Refrain
Yesu We Rumuri rumurikira, Umurikire mur’iyi si, Ndazi kw’igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe, Yesu We Rumuri rumurikira, Ndaj’umpishe muri Wewe, Kuko igihe kigiye gushira, Uz’unkize sinze mpfe.
Couplet 5
Kor’ivy’umukrist’ashitse, Kor’ivy’ukugororoka, {Iteho kwuzura Mpwemu, Ehe nguyo, nguyo araje.} x2