#194
Yesu ni we rutare
Umuco 1
Couplet 1
Yesu ni We Rutare, Rutare rw’ubugingo, Uwutanyoye kuri Rwo, Ntabon’ubugingo busha, Kukw’ari We yamyeho, Kand’azokwamaho, No mu bugingo busha, Azohorah’iteka.
Refrain
Yesu ni We yampfiriye ku musaraba, Intuntu iramwuzura i Getsemane, Ng’umwizer’abon’Ubugingo budashira, Ndizeye... ndizeye, nyakira, mbon’Ubugingo budashira.
Couplet 2
Yesu ni Wewe Nzira, Ukuri n Ubugingo, Uwutamuciyeko wese, Ntabon’ubugingo busha, Kukw’ari Wewe Nkingi, Ni Wewe Rufatiro, Aho utaba Mukiza, Nta mahor’aboneka.
Refrain
Yesu ni We yampfiriye ku musaraba, Intuntu iramwuzura i Getsemane, Ng’umwizer’abon’Ubugingo budashira, Ndizeye... ndizeye, nyakira, mbon’Ubugingo budashira.
Couplet 3
Yesu We ndakwihaye, Mb’ishamvu ryawe Mwami, Sintezw’ubwoba n’ivy’isi, Ngo bimbuz’ubugingo, Kuko jewe wampfiriye, Kugira ngo sinze mpfe, Ngo nze ndagwe mw’Ijuru, Umugabane mwiza.
Refrain
Yesu ni We yampfiriye ku musaraba, Intuntu iramwuzura i Getsemane, Ng’umwizer’abon’Ubugingo budashira, Ndizeye... ndizeye, nyakira, mbon’Ubugingo budashira.
Couplet 4
Ni nagera mu Bwami, Mu Bwami bw’Uhoraho, Ubw’Imana yateguye, Ngo bubemwo Abera, Niho nzoruhukira, Nduhuk’ibinduhisha, Vyo mur’ubu bugingo, N’imiruho yo mw’isi.