Indirimbo Zikundwa Open in the app

#192

Mwami wanje je ndagushima

Umuco 1

Couplet 1

Mwami wanje, je ndagushima, Urukundo Mwam’unkunda, N’imbabazi zaw’ungirira, Mur’uru Rugendo rwanje.

Refrain

Reka Mwami ndakuririmbe, Reka Mwami ndagushime, Urakwiriye Mwami ishimwe, N’ushimwe... ivyaremwe vyose, bikuririmbe, bigushime... Haleluya, Haleluya! Agakiza n’ak’Imana y’Aburahamu, {Haleluya... Haleluya!} x2

Couplet 2

Ubuntu bwawe ungirira, Ndi mur’ubu bugaragwa, Niy’ubonye ndendebukiwe, Wam’umfasha Mwami wanje.

Refrain

Reka Mwami ndakuririmbe, Reka Mwami ndagushime, Urakwiriye Mwami ishimwe, N’ushimwe... ivyaremwe vyose, bikuririmbe, bigushime... Haleluya, Haleluya! Agakiza n’ak’Imana y’Aburahamu, {Haleluya... Haleluya!} x2

Couplet 3

Nirat’ubuntu bwawe Mwami, Si kubw’inkomezi zanje, Si kubw’ubushobozi bwanje, N’ubuntu bwawe gusa.

Refrain

Reka Mwami ndakuririmbe, Reka Mwami ndagushime, Urakwiriye Mwami ishimwe, N’ushimwe... ivyaremwe vyose, bikuririmbe, bigushime... Haleluya, Haleluya! Agakiza n’ak’Imana y’Aburahamu, {Haleluya... Haleluya!} x2

Couplet 4

Nshimishwa cane na wa musi, Ngushimir’imbona nkubone, Turi kumwe na bene Data, Haleluya, Mukiza!