#165
Mur’iyi si har’ico mpahamiye
Umuco 1
Couplet 1
Mur’iyi si har’ico mpahamiye, Kindutira ilbindi vyose, Mur’iyi si har’ico nipfuza rwose, N’ukugira umugabane wanje, {N’ugukorera Imana yanje, (Umwami wanje).} x2.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.
Couplet 2
Hari imigaban’ibir’imbere yanje, Ntabonye uwambere sinshobora, Gushikira n’uwugira kabiri, {N’ugukorer’Imana nkiriho, N’ugukor’ic’Iman imbwiye gukora.} x2.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.
Couplet 3
Uwambere n’ugukor’ico ntegerezwa, Uwakabiri n’igitsibb mbikiwe, None nobishikira nte Mana yanje, Ntashobojwe nawe Bwirukiro? {Abazima nibo bagukorera.} x2.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.
Couplet 4
Ntegerezwa kugukorera mur’iyi si, Ntegerezwa kub’icabona cawe, Ntegerezwa kugushingira intahe, Mu mvura, mu makuba no mu bimoko, {Abazima nibo bagukorera.} x2.
Refrain
N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.
Couplet 5
Ndagukunda n’umutima wanje wose, Ndakunda n’igikorwa cawe, Nta wundi mfise noganyir’atari Wewe, Shir’umuryango wuguruye imbere yanje, {Maz’unshoboze mbone kugukorera.} x2.