Indirimbo Zikundwa Open in the app

#159

Yesu Kristo aho yari kw’isi

Umuco 1

Couplet 1

Yesu Kristo aho yari kw’isi, Yagerageje kuducira inzira, Ivyo yakora vyose uko biri, Kwar’ukugira ngo aducire inzira.

Refrain

We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, Kubw’Ubushobozi bw’Amasengesho, Yaneshej’intege (nke) z’umubiri, Yari yuzuye ukwihangana, Yaseng’ijoro ryose, Ku mutaga Akavuga Ubutumwa.

Couplet 2

Aho yasenga ar’i Getsemane, Kwar’ukugira ngo aducire Inzira, Ku bw’ubushobozi bw’amasengesho, Yabony’inkomezi zivuye mw’Ijuru.

Refrain

We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, Kubw’Ubushobozi bw’Amasengesho, Yaneshej’intege (nke) z’umubiri, Yari yuzuye ukwihangana, Yaseng’ijoro ryose, Ku mutaga Akavuga Ubutumwa.

Couplet 3

Yabwiy’Abigishwa biwe ati: “Nimupfukame musenge cane, Kugira ntimugwe mu mosha mabi”, Natwe dusenge ijoro n’umutaga.

Refrain

We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, Kubw’Ubushobozi bw’Amasengesho, Yaneshej’intege (nke) z’umubiri, Yari yuzuye ukwihangana, Yaseng’ijoro ryose, Ku mutaga Akavuga Ubutumwa.

Couplet 4

Yakijij’ugutwi umwansi wiwe, Kwar’ukugira ngo aducire inzira, Yasemereye ati: “baharire”, Kwar’ukugira ngo aducire inzira.

Refrain

We Yakunda gusenga cane, Asenger’ Igikorwa c’Imana, Kubw’Ubushobozi bw’Amasengesho, Yaneshej’intege (nke) z’umubiri, Yari yuzuye ukwihangana, Yaseng’ijoro ryose, Ku mutaga Akavuga Ubutumwa.

Couplet 5

Ivyo yakoze akiri mw’isi, Yagira ngo aducire inzira, Natwe nimuze tumwigane, Dusenge nkuko Umwami yasenga.