Indirimbo Zikundwa Open in the app

#153

Ni nde yompa kuva mur’iyi si?

Umuco 1

Couplet 1

Ni nde yompa kuva mur’iyi si, Isi yuzuye umubabaro? Ni nde yompa kuva mur’uyu mubiri, {Nkigir’iy’iwacu?} x2

Refrain

Iyo mbona ivy’iyi si, N’ububi bw’iki gihe kibi, Mbona n’ingorane nyinshi, Ziterwa n’uyu mubiri, Nca nibuka iy’iwacu, {Mw’Ijuru ku Mana.} x2

Couplet 2

Ni nde yompa kuva mur’uyu muniho? Meze nk’umugore afis’ibise, Ndemerewe n’umutwaro munini, {Nkumbuy’iy’iwacu.} x2

Refrain

Iyo mbona ivy’iyi si, N’ububi bw’iki gihe kibi, Mbona n’ingorane nyinshi, Ziterwa n’uyu mubiri, Nca nibuka iy’iwacu, {Mw’Ijuru ku Mana.} x2

Couplet 3

Ni nde yonkiza abansi banje? Bambwir’inkuru mbi z’iy’iwacu, Bakikije amatwi yanje hose, {Nipfuza Umwami.} x2

Refrain

Iyo mbona ivy’iyi si, N’ububi bw’iki gihe kibi, Mbona n’ingorane nyinshi, Ziterwa n’uyu mubiri, Nca nibuka iy’iwacu, {Mw’Ijuru ku Mana.} x2

Couplet 4

Ni nde yompa kuva mur’uyu mwiza? Nkava no mur’uru rusago rubi, Nkigurukir’iy’iwacu kwa Data, {Muri Yerusalemu.} x2

Refrain

Iyo mbona ivy’iyi si, N’ububi bw’iki gihe kibi, Mbona n’ingorane nyinshi, Ziterwa n’uyu mubiri, Nca nibuka iy’iwacu, {Mw’Ijuru ku Mana.} x2

Couplet 5

Mbese umusi w’akanyamuneza, Mbonye Umucunguzi wanje mu bicu, Aje kunkura mur’uyu muniho, {N’umunezero mwinshi.} x2