Indirimbo Zikundwa Open in the app

#139

Mwami Yesu, Mana nzima

Umuco 1

Couplet 1

Mwami Yesu, Mana Nzima, Wewe Bwirukiro bwacu, Mu mitima yacu har’ikintu, Kirondera kukumenya, Kukumenya mu mibabaro yawe, Kukumenya mu rupfu rwawe, Kukumenya no mu kuzuka.

Refrain

N’ukub’urumuri mur’iyi si, N’ukub’umuco mur’iyi si, N’ugushingira intah’Ijambo, Dufashe Mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.

Couplet 2

Mwami Yesu, Mana Nzima, Wewe Bwirukiro bwacu, Urupfu rwawe ku musaraba, Har’ico rwakoze muri twe, Rwatumye dupfana nawe, Non’ubu twazuranywe nawe, Erekan’ubwo buzima bwawe.

Refrain

N’ukub’urumuri mur’iyi si, N’ukub’umuco mur’iyi si, N’ugushingira intah’Ijambo, Dufashe Mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.

Couplet 3

Mwami Yesu, Mana Nzima, Wewe Bwirukiro bwacu, Har’ubugingo muri Wewe, Ni bwo tunyotewe gusa, Imibiri n’imitima yacu, Vyose n’ivyawe Mwami, Erekana igikorwa cawe.

Refrain

N’ukub’urumuri mur’iyi si, N’ukub’umuco mur’iyi si, N’ugushingira intah’Ijambo, Dufashe Mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.

Couplet 4

Nta kindi dufise twokora, Dushiz’amaboko hejuru, N’uze ukor’ukugomba kwawe, Uhagarikir’igikorwa cawe, Ushits’isezerano ryawe, Abana bawe bumv’Ijambo, Bave mu buja bwa Satani.

Refrain

N’ukub’urumuri mur’iyi si, N’ukub’umuco mur’iyi si, N’ugushingira intah’Ijambo, Dufashe Mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.

Couplet 5

Har’ico twahamagariwe, Nico twipfuza gushikira, N’ukukwerekana mur’iyi si, Maze tukaba urumuri, Korera mu nzu zawe Mwami, Ari zo imitima yacu, Werekane ubwiza bwawe.

Refrain

N’ukub’urumuri mur’iyi si, N’ukub’umuco mur’iyi si, N’ugushingira intah’Ijambo, Dufashe Mwami kubishikira, Ubwiza bwawe bugaragare.

Couplet 6

Turagusavye umugisha, Mu vyo dukora vyose, Igikorwa cawe gihagarare, Turagusavye inkomezi, Ngo tukubere intwari, Duhagarare ku rutare, Niwo muco w’igihe cacu.