Indirimbo Zikundwa Open in the app

#138

Iyi si yashaje rwose

Umuco 1

Couplet 1

lyi si yashaje rwose, Vyose vyashaje cane, Ntaco mbona gisigaye, Vyose vyashaje cane, {Ico nshaka jewe n’uko, Noba aho ntegerezwa kuba.} x2

Refrain

Imana yancishije mur’iyi si, Kugira ndayishingire intahe, Kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe, {None Mwami ntaco nokwishoboza, N’unyeze rwose uze twibanire, Mbone gukora ivy’vgomba.} x2

Couplet 2

Iyi si yashaje rwose, S’ivyatsi s’ibiti vyose, Vyose vyashaje cane, None nicare ndye nywe? {Vyose jewe vyandambiye, Ivyo si vy’Iman’inshakako.} x2

Refrain

Imana yancishije mur’iyi si, Kugira ndayishingire intahe, Kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe, {None Mwami ntaco nokwishoboza, N’unyeze rwose uze twibanire, Mbone gukora ivy’vgomba.} x2

Couplet 3

lyi si yashaje rwose, Kandi yarandambiye, Non’ubu har’ico nipfuza, Kuruta ibindi vyose, {N’ugukora ukugomba, Kw’Imana Yera Ihoraho.} x2

Refrain

Imana yancishije mur’iyi si, Kugira ndayishingire intahe, Kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe, {None Mwami ntaco nokwishoboza, N’unyeze rwose uze twibanire, Mbone gukora ivy’vgomba.} x2

Couplet 4

Iyi si yashaje rwose, Isigay’ir’urunuka, Ivyayo narabihinyuye, Nipfuza gukora, {Ic’Imana yancishirije, Mur’iyi si yuzuy’umwiza.} x2

Refrain

Imana yancishije mur’iyi si, Kugira ndayishingire intahe, Kugira ndayibere icabona, Yigaragaze muri jewe, {None Mwami ntaco nokwishoboza, N’unyeze rwose uze twibanire, Mbone gukora ivy’vgomba.} x2

Couplet 5

Bene Data bakundwa, Nimuze duhung’iyi si, Tube aho dutegerezwa, Kuba mu buzima bwacu, {Tugaragaze Umwami, Mu mitima yacu twese.} x2