Indirimbo Zikundwa Open in the app

#136

Umuco wo kukagoroba waratse

Umuco 1

Couplet 1

Umuco wo ku kagoroba waratse, Inzamba y’igihe canyuma yaravuze, Ijambo ry’igihe canyuma ryaravuze, Iryo Jambo ryazanany’ubushobozi, Riza rihishura Yesu Kristo.

Refrain

N’Umuco waka w’Umwami, N’Ijambo ritang’ Ubugingo, Iryo Jambo ni Yesu Kristo yaje, Yihishura mu misi yanyuma, Az’ar’Umwami atang’Ubugingo, Ni We Jambo w’Imana.

Couplet 2

Umuco wo ku kagoroba waratse, Wakana ubuntu bwinshi cane, Abana b’Imana barawubona, Ivyari binyegejwe birahishurwa, Uwo mum n ùmuco w ubugingo.

Refrain

N’Umuco waka w’Umwami, N’Ijambo ritang’ Ubugingo, Iryo Jambo ni Yesu Kristo yaje, Yihishura mu misi yanyuma, Az’ar’Umwami atang’Ubugingo, Ni We Jambo w’Imana.

Couplet 3

Umuco wo ku kagoroba waratse, Waka n’abo mu mwiza ubahùm’amaso, Ntibigera bawubona namba, Abandi nabo bakira ubumenyi, Ntibameny’uwo muco ic’arico.

Refrain

N’Umuco waka w’Umwami, N’Ijambo ritang’ Ubugingo, Iryo Jambo ni Yesu Kristo yaje, Yihishura mu misi yanyuma, Az’ar’Umwami atang’Ubugingo, Ni We Jambo w’Imana.

Couplet 4

N’ubu uwo muco urakomeza kwaka, Abana b’Imana barakomeza kuwubona, Kuko uwo muco ari Yesu Kristo, Arongora Ishengero mu kuri kwose, N’Umwami w’ubugingo mu biwe.

Refrain

N’Umuco waka w’Umwami, N’Ijambo ritang’ Ubugingo, Iryo Jambo ni Yesu Kristo yaje, Yihishura mu misi yanyuma, Az’ar’Umwami atang’Ubugingo, Ni We Jambo w’Imana.

Couplet 5

Iryo Jambo rirakomeza kuvugwa, Inzamba irakomeza kuvuga, Umuco urabandanya kwaka, Uwo muco niryo Jambo... Jambo nyene, Ritegura abana b’Imana Nzima.