#126
Turi mu musi wa gatandatu
Umuco 1
Couplet 1
Turi mu musi wa gatandatu, Ku kagoroba k’uwo musi, Bugira bwire ku banyakibi, Tugira turangize uwo musi, {Twinjire mu musi w’indwi.} x2
Couplet 2
Abana b’Imana b’ibihe vyose, Ntibigeze bary’umutsima wambiwe, Birinda cane umusemburo, Bama barya umutsima utambiwe, {Hamwe n’imboga zirura.} x2
Couplet 3
Turi hafi kumar’imis’itandatu, Turi mu bugaragwa bw’iyi si, Ba sokuruza barasinziriye, Ba Simeyoni, ba Daniyeli na ba Paulo, {Bararuhutse uko bari bose.} x2
Couplet 4
Turi hafi kumar’imis’itandatu, Tugira turangiz’urugendo, Dufis’isezerano rizima, Ry’igihugu c’i Siyoni iyo mw’Ijuru, {Aho tuzegukira twese.} x2
Couplet 5
Ncuti yanje ni wihangane, Turi mu ntambara y’iherezo, Tugira twegukir’igihugu, I Yeriko hagiye gusenyuka, {Twinjire mw’isezerano.} x2
Couplet 6
Ntunanirwe n’iherezo ry’ubugaragwa, Kandi warashoboye itanguniro, Ivyo wakoze Iman’irabizi, Ntunanirwe ng’uvyice vyose, niwihangane, {Iman’izobiguhembera vyose.} x2