#125
Imbere har’ubugingo
Umuco 1
Couplet 1
Imbere har’ubugingo, Imbere har’urupfu, Iki n’igihe c’itoranya, Abandi bamaze, Gutoranya, toranya, Toranya vuba, Nguy’Umucamanza araje.
Refrain
N’umusi w’akanyamuneza, Ku watoranije ubugingo, N’umusi w’amahoro, N’uw’umunezero... N’umusi w’amarira, N’umusi w’amaborogo, Ku wutamenye ic’atoranya, Toranya, toranya bigishoboka.
Couplet 2
Imbere har’umunezero, Imbere har’umubabaro, Uwutoranya n’atoranye, Igihe c’itoranya, Kiracariho, kandi kigiye, Gushira vuba, Nguy’Umucamanza araje.
Refrain
N’umusi w’akanyamuneza, Ku watoranije ubugingo, N’umusi w’amahoro, N’uw’umunezero... N’umusi w’amarira, N’umusi w’amaborogo, Ku wutamenye ic’atoranya, Toranya, toranya bigishoboka.
Couplet 3
Imbere har’umugisha, Imbere har’umuvumo, Iki n’igihe c’itoranya, Har’Umwami w’u... Mu... hezagiro, Hakaba n’uw’umuvumo, Toranya, toranya bigishoboka.
Refrain
N’umusi w’akanyamuneza, Ku watoranije ubugingo, N’umusi w’amahoro, N’uw’umunezero... N’umusi w’amarira, N’umusi w’amaborogo, Ku wutamenye ic’atoranya, Toranya, toranya bigishoboka.
Couplet 4
Har’Umwami w’amahoro, Umujanama w’amahoro, Kandi ni We Gitangaza, N’Imana y’ubushobozi, Iri hejuru ya vyose, Ikaganza vyose, Ntako nomuvuga, haleluya!
Refrain
N’umusi w’akanyamuneza, Ku watoranije ubugingo, N’umusi w’amahoro, N’uw’umunezero... N’umusi w’amarira, N’umusi w’amaborogo, Ku wutamenye ic’atoranya, Toranya, toranya bigishoboka.
Couplet 5
Ubwami bwiwe n’ubw’amahoro, N’abiwe bama mu mahoro, Uwayabonye n’umuhirwe, Kandi nta n’umwe, Yipfuza kuyavamwo, N’amahoro atazwi n’ab’isi, N’amahoro, n’amahoro, haleluya!