Indirimbo Zikundwa Open in the app

#122

Imana yaciye inzira

Umuco 1

Couplet 1

Imana yaciye inzira, Inzira y’imigambi yayo, Satan agerageza kuyisivya, {Ayiteramw’ amahwa mensh’arik’ Umwami Yesu Yarayisibuye.} x2

Refrain

Es’imigambi, es’imigambi, Y’Imana Ihoraho... N’imigambi ikomeye cane, Iyo migambi n’iyerekeye, Ivyiza vyacu twese, Abasiburiwe iyo nzira.

Couplet 2

Imana yaremy’isi yose, Ijuru n’ibirimwo vyose, Iyo yar’imigabo y’Uhoraho, {Satan’agerageza kuyisivy’, arik’tTmwami Yesu yarayisibuye.} x2

Refrain

Es’imigambi, es’imigambi, Y’Imana Ihoraho... N’imigambi ikomeye cane, Iyo migambi n’iyerekeye, Ivyiza vyacu twese, Abasiburiwe iyo nzira.

Couplet 3

Imana yaremye Adamu na Eva, Ibashira mw’itongo ryayo, Aho har’imigabo y’Uhoraho, {Satan’agerageza kuyisivy’, arik’Umwami Yesu yarayisibuye.} x2

Refrain

Es’imigambi, es’imigambi, Y’Imana Ihoraho... N’imigambi ikomeye cane, Iyo migambi n’iyerekeye, Ivyiza vyacu twese, Abasiburiwe iyo nzira.

Couplet 4

Imigambi y’Uhorah’Imana, Ntacoyihindura namba, Ni nde yigeze kwig’ubwenge bwayo, {Iyo migambi n’iy’ivyiza vyacu, Twes’abasiburiw’inzira n’Umwami Yesu.} x2

Refrain

Es’imigambi, es’imigambi, Y’Imana Ihoraho... N’imigambi ikomeye cane, Iyo migambi n’iyerekeye, Ivyiza vyacu twese, Abasiburiwe iyo nzira.

Couplet 5

Imigambi imwe yarashitse, N’iyindi izoshika yose, Ivya mbere bizosubizwaho vyose, {Ivyiza vyose bizosubizwaho, Dushir’ivyizigiro ku migambi y’Uhoraho.} x2