Indirimbo Zikundwa Open in the app

#121

Har’ikintu kinezereza

Umuco 1

Couplet 1

Har’ikintu kinezereza, Kandi kikantangaza, Ahandi kikantera ubwoba, N’ivyerekeye umukristo, N’urugendo rwiwe rwose.

Refrain

{Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, Kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe.} x2 {Ni kuba wapfanye nawe, Ni kuba wazuranye nawe, Ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera.} x2

Couplet 2

Iyo nzira y’umukristo icamwo, Abizeye ubuntu bw’Uhoraho, Abizigiy’amaraso y’Umwami, Batizigira inkomezi zabo, N’abapfuye kuri bo vy’ukuri.

Refrain

{Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, Kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe.} x2 {Ni kuba wapfanye nawe, Ni kuba wazuranye nawe, Ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera.} x2

Couplet 3

Ivy’Imana ikorera umukristo, Birengeye ubwenge bw’abantu, Ntawushobora kuvyiga, Kiretse abahishurirwa, N’inzira y’abamenetse rwose.

Refrain

{Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, Kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe.} x2 {Ni kuba wapfanye nawe, Ni kuba wazuranye nawe, Ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera.} x2

Couplet 4

Nkunda kwitegereza Umukristo, Ingene ater’intambwe, Iy’agiye kurangiza intambwe, Biramugora cane rwose, S’inzira y’ab’inyama n’amaraso.

Refrain

{Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, Kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe.} x2 {Ni kuba wapfanye nawe, Ni kuba wazuranye nawe, Ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera.} x2

Couplet 5

Uyo mukristo afis’imfunguzo, N’imfunguzo z’uburyo butatu, Afise urw’Ukwizera n’Ivyizigiro, N’urw’Urukundo, nizo yuguruza, Iy’agiye gutera intambwe.

Refrain

{Kwitwa Umukristo s’ikintu coroshe, Kwitirirwa Kristo s’ikintu coroshe.} x2 {Ni kuba wapfanye nawe, Ni kuba wazuranye nawe, Ivy’inyuma bikabora, Urubuto rukamera.} x2

Couplet 6

Intambwe zigenda zirutana, N’inzugi zigenda zirutana, Nta n’imwe ingana n’iyindi, Nta kwipfuza intambwe y’uwundi, N’umwe wese mu ntambwe yiwe.