#97
Ihute nyaruka
Umuco 1
Couplet 1
Ihute nyaruka eh’Umwam araje, Ntazaz’agusanga mu bupfapfa, Hungir’i Siyoni ihute ningoga, Raba hasigay’Urugendo ruto
Refrain
Ivyo ducamwo mur’uru rugendo, Umwami yari yarabibwiye, Ba data bacu, yuko tubibonye... Hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 2
Ivyo yavuze ko tuzocamwo vyose, Vyerekana ko twegerey’i Siyoni, Vyinshi nivyo tumaze kubona hose, Tureme, tugira dushik’iwacu.
Refrain
Ivyo ducamwo mur’uru rugendo, Umwami yari yarabibwiye, Ba data bacu, yuko tubibonye... Hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 3
Ihute nyaruka tumber’i Siyoni, N’uremeshwe kandi n’ubuntu bw’Umwami, Ihutire umuhamagaro wawe, Abandi bamaze kuwitaba.
Refrain
Ivyo ducamwo mur’uru rugendo, Umwami yari yarabibwiye, Ba data bacu, yuko tubibonye... Hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 4
Eh’imisoz’uri hafi kuyimara, N’intambwe nyinshi warazinesheje, N’ureme komeza vyos’uzobitsinda, Mw’Izina ry’Umwami wacu Yesu.
Refrain
Ivyo ducamwo mur’uru rugendo, Umwami yari yarabibwiye, Ba data bacu, yuko tubibonye... Hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 5
Nturab’imivyimba ucako yose, Ntutezw’ubwoba n’ivy’ubona vyose, Ihute nyaruka n’urab’i Siyoni, Har’uwaneshej’iruhande yawe.