#89
Imana year Imana y’ubumwe
Umuco 1
Couplet 1
Imana Yera, Imana y’ubumwe, Ikorera mu biciye bugufi, Mu mashengero yose ar’indwi, Yabonywe n’abicishije bugufi.
Refrain
Nshimir’Imana ingene yakoze, Ndayishimira urukundo yadukunze, Ndayishimira kukw’idahindagurika, N’ubuntu yagiriye Ishengero.
Couplet 2
Uhereye mu gihe ca mbere, Ikorera mu bitaboneka, Abana bayo ni bo bayimenya, Bayibonera mu kwicisha bugufi.
Refrain
Nshimir’Imana ingene yakoze, Ndayishimira urukundo yadukunze, Ndayishimira kukw’idahindagurika, N’ubuntu yagiriye Ishengero.
Couplet 3
Mur’ivyo bihe vyose vyabayeho, Yiyerekanye mu buryo bwinshi, Ariko yabonywe n ababona, Kandi yumviswe n’abumva.
Refrain
Nshimir’Imana ingene yakoze, Ndayishimira urukundo yadukunze, Ndayishimira kukw’idahindagurika, N’ubuntu yagiriye Ishengero.
Couplet 4
Abakuru n’abahambaye, Ntibigeze banayimenya, Bayishakira mu biri hejuru, Nay’ikorera mu vyicishije bugufi.
Refrain
Nshimir’Imana ingene yakoze, Ndayishimira urukundo yadukunze, Ndayishimira kukw’idahindagurika, N’ubuntu yagiriye Ishengero.
Couplet 5
Iki gihe cacu kibi, Abantu barapfuy’imifima, Biyita ko batunze vyose, Ariko ntibaz’igihe ic’arico.
Refrain
Nshimir’Imana ingene yakoze, Ndayishimira urukundo yadukunze, Ndayishimira kukw’idahindagurika, N’ubuntu yagiriye Ishengero.
Couplet 6
Abizera ehe bugira buce, Ku banyakibi ehe bugira bwire, Eh’umusi w’umuco uraje, Ku banyakibi umwiza uraje.