#77
Bantu mwizera
Umuco 1
Couplet 1
Bantu mwizera mumenye, yukw’igihe kigeze, Ko mwumv’Ijambo mukarangara, ntimuryiteho, Muzobon’ingaruka y’ivyo, mwatakaje vyose, Yes azobabwir’ati: “mugende, sinabamenye”.
Refrain
{Nimwitegure...tumwitegurire.} x2 Mbeg’umunezero w’abacunguwe, Mbega umunezero w’abafis’, Ubutumwa bw’igihe, {Tuzaririmbana n’abera ishimwe, ry’Umwami.} x2
Couplet 2
Mugenzi wanje wibaze nimba, watakay’utyo, Ubwir’Imana irakuraba itanga vyose, Izokwerek’ubury’ugendera, mw’Ijambo ryayo, Izabona kukwongerer’ubutunzi, bwawe.
Refrain
{Nimwitegure...tumwitegurire.} x2 Mbeg’umunezero w’abacunguwe, Mbega umunezero w’abafis’, Ubutumwa bw’igihe, {Tuzaririmbana n’abera ishimwe, ry’Umwami.} x2
Couplet 3
Uwaducunguye bene Dat’ageze hagufi, Ikimenyetso co yaguhaye ugikomeze, Azaguhanagur’amarira n’imibabaro, Uzamusingiz’iteka ryos’ubudahema.