Indirimbo Zikundwa Open in the app

#58

Umwami Mana yabwiye

Umuco 1

Couplet 1

Umwami Mana yabwiy’abana biwe, Ati: “Nd’Uwera Iman’Isumba vyose, Jewe namyeho kandi nzokwamaho, Nta yindi mana ir’imbere yanje”.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, Yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe, Yamaze kwambar’impuzu yera, Nivyo bikorwa vy’Abera.

Couplet 2

Umwami Imana yabwiy’abana biwe, Ati: “Nd’Uwera Imana y’abazima, Nimub’Abera nk’uko nanje nd’Uwera, Mubone kuragw’igihugu canyu”.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, Yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe, Yamaze kwambar’impuzu yera, Nivyo bikorwa vy’Abera.

Couplet 3

Mwam’Uhoraho jewe ndagusavye, N’uz’unshikane mur’uko kwera kwawe, Impuzu yanje uyezesh’amaraso, Mbone kwinjira mu Mugwa wawe wera.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, Yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe, Yamaze kwambar’impuzu yera, Nivyo bikorwa vy’Abera.