#53
Hari umubiri umwe
Umuco 1
Couplet 1
Har’umubiri umwe na Mpwemu umwe, Kandi dufis’icizigiro kimwe, Har’inzir’imwe ishikana mw’Ijuru, {Haleluya, Haleluya!} x2
Couplet 2
Har’Umwam’umwe n’ukwizera kumwe, Kandi hari n’umubatizo umwe, Yesu Kristo yasiz’abwiy’abiwe, {Haleluya, Haleluya!} x2
Couplet 3
Hari Dat umwe Iman’isumba vyose, Yaremye vyose kand’aganza bose, Isi n’ijuru biri mu biganza vyiwe, {Haleluya, haleluya!} x2
Couplet 4
Yesu Kristo yaraduze mw’Ijuru, Afis’intsinzi ajanyey’iminyago, Agabira abana biwe ingabire, {Haleluya, haleluya.} x2
Couplet 5
Yahaye bamwe kuba intumwa, Abandi kuba abavugishwa nawe, Abandi kuvug’ubutumwa bwiza, {Haleluya, haleluya.} x2
Couplet 6
Abandi nabo kub’abungere, Abandi nabo kub’abigisha, Kugira abera bashike ku kwezwa, {Haleluya, haleluya.} x2
Couplet 7
Vyose tubikorere mu rukundo, Twuzuye ukwicisha bugufi twese, Twuzuy’ubumwe n’ amahoro y’Umwami, {Haleluya, haleluya.} x2