#38
Mwami Yesu je ndagusavye
Umuco 1
Couplet 1
Mwami Yesu je ndagusavye, Uhumur’amaso abana bawe, Tubon’ibitangaza vyaw’ukora, Vyo mur’iki gihe cacu.
Refrain
Turusheho kubona Mwami, Mu mitimn yacu, Turusheho kukubona Mwami, Ibihe vyose.
Couplet 2
Kangura abana bawe mur’iyi si, Ntiturabe ku bir’inyuma, Ariko turabe ku bir’imbere, Birimwo ubugingo n’amahoro.
Refrain
Turusheho kubona Mwami, Mu mitimn yacu, Turusheho kukubona Mwami, Ibihe vyose.
Couplet 3
Urusheho kuduhumura amaso, Tubone amasezerano yawe, Ab’ari yo atubera umuco, Udushikana mw’Ijuru.
Refrain
Turusheho kubona Mwami, Mu mitimn yacu, Turusheho kukubona Mwami, Ibihe vyose.
Couplet 4
N’uturongore mur’iyi nzira, Duhonyore mu kirenge cawe, Niho tutazota ya nzira nziza, Itujana mu bugingo.
Refrain
Turusheho kubona Mwami, Mu mitimn yacu, Turusheho kukubona Mwami, Ibihe vyose.