#37
Mwami Mana nzima
Umuco 1
Couplet 1
Mwami Mana Nzima Mana y’ubushobozi, Mwami ndagusavye ng’umfashhe, Ni Wewe Rukundo ni Wewe Mahoro yanje, Ni Wewe Vyizigiro vyanje.
Refrain
{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.
Couplet 2
Ni Wewe Uwera wew’uri hejuru, Y’ibintu vyose vyitw’imana, Ni Wewe waremy’ibiri mw’isi vyose, Ni Wewe vyizigiro vyanje.
Refrain
{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.
Couplet 3
Raba mur’uru rugendo ndimwo Mukiza, Nta nakimwe nokwishoboza, Jewe nd’umunyantege nke cane rwose, Mwami ndagusavye ng’umfashe.
Refrain
{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.
Couplet 4
Ni Wewe wankuye mu rwobo rw’urupfu, Unyerek’inzira y’umuco, None rab’abansi banje bankikuje brise, Mwami ndagusavye ng’umfashe.
Refrain
{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.
Couplet 5
Raba abana bawe aho turi mur’iyi si, Duhura n’ingorane nyinshi, Nta wundi twizigiye ko yodufasha, Atari Wewe Mana Nzima.