Indirimbo Zikundwa Open in the app

#37

Mwami Mana nzima

Umuco 1

Couplet 1

Mwami Mana Nzima Mana y’ubushobozi, Mwami ndagusavye ng’umfashhe, Ni Wewe Rukundo ni Wewe Mahoro yanje, Ni Wewe Vyizigiro vyanje.

Refrain

{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.

Couplet 2

Ni Wewe Uwera wew’uri hejuru, Y’ibintu vyose vyitw’imana, Ni Wewe waremy’ibiri mw’isi vyose, Ni Wewe vyizigiro vyanje.

Refrain

{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.

Couplet 3

Raba mur’uru rugendo ndimwo Mukiza, Nta nakimwe nokwishoboza, Jewe nd’umunyantege nke cane rwose, Mwami ndagusavye ng’umfashe.

Refrain

{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.

Couplet 4

Ni Wewe wankuye mu rwobo rw’urupfu, Unyerek’inzira y’umuco, None rab’abansi banje bankikuje brise, Mwami ndagusavye ng’umfashe.

Refrain

{Ni Wewe nizeye.} x2 Kandi ni Wewe nizigiye, Mwami n’uz’umfashe, Jewe n’uz’umfashe, Mbone kumutsinda Satani.

Couplet 5

Raba abana bawe aho turi mur’iyi si, Duhura n’ingorane nyinshi, Nta wundi twizigiye ko yodufasha, Atari Wewe Mana Nzima.