#29
Amaraso y’umwami Yesu
Umuco 1
Couplet 1
Amaraso y’Umwami Yesu, Ni y’aduhanagura imyanda, Iyo Satan’adutey’imyampi, Amaraso niy’adufasha.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu, Ni y’aduha kuba ab’Imana, Ni y’akiza abananiwe, Niy’abona ivyihishije.
Couplet 2
Amaraso y’Umwami Yesu, Niyo yatuberey’ishikanwa, Iyo dutakambiy’Uhoraho, Amaraso niyo ducamwo.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu, Ni y’aduha kuba ab’Imana, Ni y’akiza abananiwe, Niy’abona ivyihishije.
Couplet 3
Amaraso y’Umwami Yesu, Niyo Data aturabiramwo, Uwanyoye kur’ayo maraso, Yam’afis’ubushobozi bwayo.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu, Ni y’aduha kuba ab’Imana, Ni y’akiza abananiwe, Niy’abona ivyihishije.
Couplet 4
Uwanyoy’amaraso ya Yesu, Yam’afis’ubugingo muri we, Kand’uwunywa kur’ayo maraso, Yam’afis’intsinzi muri we.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu, Ni y’aduha kuba ab’Imana, Ni y’akiza abananiwe, Niy’abona ivyihishije.
Couplet 5
Mwami Yesu n’uze umfashe, Mbone gushushanywa nawe Mwami, Amaraso yawe yambereye, Igitutu co kunkingira.