#26
Yesu yariko araganira
Umuco 1
Couplet 1
Yesu yarikw araganira, Hamwe n’abatumwa biwe, Maz’arababaza ati: “Mwumva bavuga ngo ndi nde?”.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, Abandi nabo ng’uri Eliya, Ng’ur’umwe muri babandi, Bavugishwa n’Imana.
Couplet 2
Petero ni we yamumenye, At’uri Kristo w’Imana, Abandi ntibamumenye, Kand’ari Jambo w’Imana.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, Abandi nabo ng’uri Eliya, Ng’ur’umwe muri babandi, Bavugishwa n’Imana.
Couplet 3
Abayuda ntibamumenye, Kirets’abana b’Imana, Kuko batari bubatse, Ku masezerano y’Imana.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, Abandi nabo ng’uri Eliya, Ng’ur’umwe muri babandi, Bavugishwa n’Imana.
Couplet 4
Benshi mur’iki gihe cacu. Bameny’ivyabaye mbere, Ariko ntibamenya namba, Ibiba mu gihe cabo.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, Abandi nabo ng’uri Eliya, Ng’ur’umwe muri babandi, Bavugishwa n’Imana.
Couplet 5
Dufis’igihe ciza cane, Co kumenyana n’Umwami, Natwe ntitube nk’Abayuda, Batamumenye Mesiya.