#19
Ewe ncuti n’uze twubake
Umuco 1
Couplet 1
Ewe ncuti uri ngaha, N’uze twubake, Ku masezerano y’Imana, Yadusezeraniye.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.
Couplet 2
Umwami Yesu yarasize Isezerano, Ati: “sinzobasiga nk’impfuvyi, Nzoza kuri mwe vuba”.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.
Couplet 3
Umwami yasiz’avuz’ati: “Hasigay’igihe gito, Ab’isi ntibabe bakimbona, Ariko mwe muzombona”.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.
Couplet 4
Isezerano ntiryatevye, Ry’Umwami Yesu, Ryashitse ku bari bizeye, lvyasezeranijwe.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.
Couplet 5
Na non’ubu Yesu arakora, N’usab’uhishurirwe ivyo, Akorera mu bamwizeye, Babatijwe na Mpwemu.