Indirimbo Zikundwa Open in the app

#19

Ewe ncuti n’uze twubake

Umuco 1

Couplet 1

Ewe ncuti uri ngaha, N’uze twubake, Ku masezerano y’Imana, Yadusezeraniye.

Refrain

Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.

Couplet 2

Umwami Yesu yarasize Isezerano, Ati: “sinzobasiga nk’impfuvyi, Nzoza kuri mwe vuba”.

Refrain

Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.

Couplet 3

Umwami yasiz’avuz’ati: “Hasigay’igihe gito, Ab’isi ntibabe bakimbona, Ariko mwe muzombona”.

Refrain

Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.

Couplet 4

Isezerano ntiryatevye, Ry’Umwami Yesu, Ryashitse ku bari bizeye, lvyasezeranijwe.

Refrain

Kaze Yesu, kaze Mwami, N’uze twibanire! Mbone kwubaka ku, Masezerano y’Imana.

Couplet 5

Na non’ubu Yesu arakora, N’usab’uhishurirwe ivyo, Akorera mu bamwizeye, Babatijwe na Mpwemu.