Indirimbo Zikundwa Open in the app

#18

Kaze mukiza!

Umuco 1

Couplet 1

Kaze Mukiza ndahevye vyose, N’ushike mu mutima wanje, Mwami, Ah’uzob’uhezagir’abandi, Nanje nyene ntuze kunsiga.

Refrain

Ndagu---shima... Yesu... Ko we---meye ko tu---bana.

Couplet 2

Ndushirizeho kwizera Yesu, Simbe kure y’inyonga zawe, Mwami, Ibinyanduza ubinyogeshe, Ya maraso yo mu rubavu.

Refrain

Ndagu---shima... Yesu... Ko we---meye ko tu---bana.

Couplet 3

Mfukamy’imbere y’inyonga zawe, Ngomba kwizera no gukora, Mwami, Iri sengesho urihindure, Rib’irimot’imbere yawe.

Refrain

Ndagu---shima... Yesu... Ko we---meye ko tu---bana.

Couplet 4

Nkukw’impongo zi zihuzagizwa, Zifuz’imigezi y’amazi, Mwami, Nik’umutima wanje wifuza, Kubona mu nyonga h’Umwami.

Refrain

Ndagu---shima... Yesu... Ko we---meye ko tu---bana.

Couplet 5

Mutima wanje ugir’inyota, Yo kukubona Mana yanje, Mwami, Agakiza nta handi nkaronka, Atari mu nkomezi zawe.

Refrain

Ndagu---shima... Yesu... Ko we---meye ko tu---bana.