Indirimbo Zikundwa Open in the app

#13

Mwami Yesu je ndagushima

Umuco 1

Couplet 1

Mwami Yesu, je ndagushima, Urukundo wankunze jewe, Warankunz’uranyiyereka, Kuva iyi si ikiremwa, Jewe war’unzi Mwami.

Refrain

{Ewe Mukiza wanje, N’ushimwe Haleluya!} x2 {Ewe Mwami n’unshoboze, Mbone gutsind’iyi si} x2

Couplet 2

Ewe Yesu je ndagushima, Ubuntu bwawe wangiriye, Warambonye je ndi mu buja, Nca numva ijwi ryawe ryiza, Nca ndagukurikira.

Refrain

{Ewe Mukiza wanje, N’ushimwe Haleluya!} x2 {Ewe Mwami n’unshoboze, Mbone gutsind’iyi si} x2

Couplet 3

Kandi Mwami ndagushimira, Ukuri kwawe wanshizemwo, Kugira ngo mbone kunesha I, bizongerageza vyose, Mur’uru rugendo ndimwo.

Refrain

{Ewe Mukiza wanje, N’ushimwe Haleluya!} x2 {Ewe Mwami n’unshoboze, Mbone gutsind’iyi si} x2

Couplet 4

Kandi Yesu je ndagusavye, Fasha bene Data bayovye, Bakumenye wewe bugingo, Barongore ku soko nziza, Babone kuyinywako.

Refrain

{Ewe Mukiza wanje, N’ushimwe Haleluya!} x2 {Ewe Mwami n’unshoboze, Mbone gutsind’iyi si} x2

Couplet 5

Mwami Yesu nzama ngushima, Kuko wamurikiye jewe, Uyu Muco w’igihe cacu, Kugira ngo mbone vyose, Biva kuri wa mubi.

Refrain

{Ewe Mukiza wanje, N’ushimwe Haleluya!} x2 {Ewe Mwami n’unshoboze, Mbone gutsind’iyi si} x2