#9
Nta gihe gisigaye
Umuco 1
Couplet 1
Nta gihe gisigaye, Umwami akagaruka, Gutoranya abizeye, Ngw abajane mw’Ijuru.
Refrain
Mbega wumv’ufise Mpwemu, K’ubwami bwegereje? Mbegawumva witeguye, Gusanganir’Umwami?
Couplet 2
Benshi mur’iki gihe, Barataye rya Jambo, Yesu yadusigiye, Bakurikir’ivyabo.
Refrain
Mbega wumv’ufise Mpwemu, K’ubwami bwegereje? Mbegawumva witeguye, Gusanganir’Umwami?
Couplet 3
Benshi mur’iki gihe, Bataye Mpwemu Yera, Bizigir’ivy’ubupfu, Vy’ubwenge bwabo gusa.
Refrain
Mbega wumv’ufise Mpwemu, K’ubwami bwegereje? Mbegawumva witeguye, Gusanganir’Umwami?
Couplet 4
Twubatse ku rutare, Rw’intumwa dabavugishwa, Yesu ni We Ibuye, Rigumya imfuruka.