#8
Ncuti zanje mwakiriy’ijambo
Umuco 1
Couplet 1
Ncuti zanje mwakiriy’Ijambo, Muramenye ko Antikristo, Yaje kera yambay’uburyarya, Yambay’urusato rw’intama.
Couplet 2
Yaje avuga ibinyoma gusa, Ahindur’Ijambo ry’Imana, Ni we Yezebeli n’abana biwe, Bamaze gusambana n’isi.
Couplet 3
Yezebeli n’abana biwe, Niyo madini tubona ubu, Yamaze gusambana n’iyi si, Arindiriye kurimbuka.
Couplet 4
Niwe avuga yuko har’imana, Zitatu ziri mw’imana imwe, Oyaye ncuti, ntiwemere, Ivyo n’ ivya wa mugwanizi.
Couplet 5
Ijambo ry’Imana rivuga ko, Hari Imana imwe Ihoraho, Yihishuye mu buryo butatu, Ntihinduka, ni ya yind’imwe.