#97
Ihute nyaruka
Umuco
Couplet 1
Ihute nyaruka ehe Umwami araje, ntazaz’ Agusanga mu bupfapfa; hungir’i Siyoni ihute ningoga, raba hasigay’ Urugendo ruto.
Refrain
Ivyo ducamwo, mw’uru Rugendo; Umwami yari Yarabibwiye, ba data bacu, yuko tubibonye hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 2
Ivyo Yavuze ko tuzocamwo vyose, vyerekana ko twagerey’i Siyoni; vyinshi n’ivyo tumaze kubona hose, tureme tugira dushik’ iwacu.
Refrain
Ivyo ducamwo, mw’uru Rugendo; Umwami yari Yarabibwiye, ba data bacu, yuko tubibonye hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 3
Ihute nyaruka tumber’i Siyoni, n’uremeshwe kandi n’Ubuntu bw’Umwami; ihutire umuhamagaro wawe, abandi bamaze kuwitaba.
Refrain
Ivyo ducamwo, mw’uru Rugendo; Umwami yari Yarabibwiye, ba data bacu, yuko tubibonye hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 4
Eh’imisoz’ uri hafi kuyimara, n’intambwe nyinshi warazinesheje; n’ureme komeza vyos’uzobitsinda mw’Izina ry’Umwami wacu Yesu.
Refrain
Ivyo ducamwo, mw’uru Rugendo; Umwami yari Yarabibwiye, ba data bacu, yuko tubibonye hazoba hasigay’igihe gito.
Couplet 5
Nturabe imivyimba ucako yose, ntutezw’ubwoba n’ivy’ubona vyose; ihute nyaruka n’urab’i Siyoni, har’ Uwaneshej’ iruhande yawe.