#89
Imana yera Imana y’ubumwe
Umuco
Couplet 1
Imana Yera, Imana y’Ubumwe ikorera mu vyicishije bugufi, mu Mashengero yose ar’indwi Yabonywe n’abicishije bugufi.
Refrain
Nshimir’ Imana ingene Yakoze ndayishimira Urukundo Yadukunze; ndayishimira kukw’ Idahindagurika, n’Ubuntu Yagiriye Ishengero.
Couplet 2
Uhereye mu gihe ca mbere, Ikorera mubitaboneka; abana bayo nibo bayimenya, bayibonera mukwicisha bugufi.
Refrain
Nshimir’ Imana ingene Yakoze ndayishimira Urukundo Yadukunze; ndayishimira kukw’ Idahindagurika, n’Ubuntu Yagiriye Ishengero.
Couplet 3
Mur’ivyo bihe vyose vyabayeho, Yiyerekanye mu buryo bwinshi; ariko Yabonywe n’ababona, kandi Yumviswe n’abumva.
Refrain
Nshimir’ Imana ingene Yakoze ndayishimira Urukundo Yadukunze; ndayishimira kukw’ Idahindagurika, n’Ubuntu Yagiriye Ishengero.
Couplet 4
Abakuru n’abahambaye, ntibigeze banayimenya, bayishakira mu biri hejuru, nay’Ikorera mu vyicishije bugufi.
Refrain
Nshimir’ Imana ingene Yakoze ndayishimira Urukundo Yadukunze; ndayishimira kukw’ Idahindagurika, n’Ubuntu Yagiriye Ishengero.
Couplet 5
Iki gihe cacu kibi, abantu bara pfuy’imitima; biyita ko batunze vyose, ariko ntibazi igihe ic’ari co.
Refrain
Nshimir’ Imana ingene Yakoze ndayishimira Urukundo Yadukunze; ndayishimira kukw’ Idahindagurika, n’Ubuntu Yagiriye Ishengero.
Couplet 6
Abizera ehe bugira buce, ku banyakibi ehe bugira bwire; eh’umunsi w’Umuco uraje, ku banyakubi umwiza uraje.