#73
Tuvuga ko twahumutse
Umuco
Couplet 1
Tuvuga ko twahumutse amaso, s’imigani twarahumutse ./.Mbeg’ ubwo Buntu, twagiriwe kumeny’ ivyari vyanyegejwe./.
Couplet 2
Imana Yarungitse Umuco, w’akagoroba ng’uduhumure ./.Ngo tumeny’ ingene Satan’ akora kuk’ ubu iminsi ari mibi.
Couplet 3
Ubwa mbere yaje yishushanya, yiyambik’urusato rw’intama ./.arik’ubwo abana b’Imana ntibatevye kumumenya./.
Couplet 4
Hanyuma yaje yambaye inkota iza yica abana b’Imana ./.Arikw’Imana yabahaye kurinda no kwihangana./.
Couplet 5
Hanyum’iza mu buryo bw’idini, ihindura Ijambo ry’Imana ./.Igurisha iryo jambo kandi ngo bose n’abana b’Imana./.
Couplet 6
Non’ubu nah’iza muri vyose, ukwishushanya hamwe n’ukwica ./.Amadini yo ni menshi cane ngo bose n’abana b’Imana./.
Couplet 7
Amadini yazimije benshi, ariko Imana Ishimwe kuko ./.Intama z’Imana ibihe vyose tuza twumv’ ijwi ry’Umwungere.